
Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibiranga iyi nkuruUmwanditsi, Wycliffe Muia
Iminota 30 iraheze
Bitegekanijwe ko Abanya-Uganda baja mu matora y’umukuru w’igihugu mu ndwi iza, aho vyitezwe ko bazohitamwo hagati y’umukuru w’igihugu amaze imyaka hafi 40 ku butegetsi, n’uwiyamamariza guhindura ibintu, iciyumviro camamaye cane mu bice bimwe bimwe vy’igihugu.
Aya matora ategekanijwe ku wa kane igenekerezo rya 15 Nzero (1) 2026, aho ibibanza vy’amatora bizotegerezwa kwugururwa isaha imwe yo mu gitondo (07:00) ,bikugara isaha icumu z’imihingamo (16:00). Gusa uwuzoba akiri ku murongo izo saha azokwemererwa gutora.
Perezida Yoweri Museveni ubu afise imyaka 81 akaba arongoye iki gihugu kuva mu 1986, ariko arondera ikiringo kigira indwi nk’umukuru w’igihugu.
Umukeba wiwe mukuru, umunyamuziki wo mu mudiho wa pop yabaye umunyaporitike, Bobi Wine w’imyaka 43, yemereye abanyagihugu impinduka mu ntwaro no mu bisata vyinshi vy’igihugu.
Komeza usome
Imyiyamamazo yaranzwe n’ukuburabuza ibikorwa vy’abanyaporitike batavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi, harimwo no gusanzaza amakoraniro yabo bikozwe n’igipolisi.
Mu gihe ubushomeri buri ku rugero rwo hejuru mu gihugu aho benshi ari urwaruka ruri musi y’imyaka 30, ikibazo c’ubutunzi carahagazweko cane muri iyo myiyamamazo.
Abanyagihugu bazotora iki?
Imiriyoni 21.6 z’abanyagihugu bariyandikishije kugira ngo bazotore mu matora atatu:
Umukuru w’igihugu – bazotora umwe mu banyaporitike umunani bariko biyamamariza iki kibanzaAbashingamateka (umuce wa mbere) – abashingamateka 353 ni bo bitezwe gutorwaAbashingamateka (umuce wa kabiri) – abagore 146 baserukira uturere – umw’umwe mu karere kwe kwme – ni bo bazotorwa
Ni nde ashobora kuzoba umukuru w’igihugu?

Ahavuye isanamu, Getty Images / Reuters
Insiguro y’isanamu, Buzoba bugize kabiri Perezida Yoweri Museveni (i bubamfu) ahanganye na Bobi Wine (i buryo) mu matora y’umukuru w’igihugu
Museveni na Bobi Wine ni bo bari imbere muri aba banyaporitike umunani, abagabo gusa, bariko barahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu.
Ubu ni ubwa kabiri bahuriye mu matora, aho Perezida Museveni yatsinze ayo mu 2021 yavuzwe ko yabayemwo ubusuma n’amanyanga hamwe n’uguhiga buhongo abatavuga rumwe n’ubutegetsi, akaba yatsinze kuri 58% Bobi Wine na we akaronka 35%.
Yoweri Museveni – umugambwe National Resistance Movement (NRM)
Haraciye imyaka 40 Museveni ashitse ku butegetsi, ico gihe akaba yari arongoye inyeshamba zirukanye ubutegetsi bwari buhari, ziyemeje kugarukana demokarasi inyuma y’imyaka yaranzwe n’intambara yo hagati mu gihugu, kuva ubutegetsi bw’agahotoro bwa Idi Amin busenyuwe mu 1979.
Mu gihe mu ntango yashimagizwa nk’uwari mu runganwe rushasha rw’abategetsi ba Afrika bari biteze kuzana igihe gishasha ca demokarasi, ibirego vyagiye vyiyongera vyo guhohotera agateka ka zina muntu n’itoteza ry’abatavuga rumwe n’ubutegetsi vyaracafuje iyo sura.
Abamunegura bavuga ko kuva ashitse ku butegetsi mu 1986 yatwaje igitugu, mbere akaba yagiye yisubirako ku vyo yemerera abanyagihugu ko yari kubisira abandi. Ni we mukuru w’igihugu abanya-Uganda benshi bazi gushika ubu.
Nk’uwugira gatatu mu bakuru b’ibihugu vya Afrika bamaze igihe kirekire ku ntwaro muri iki gihe, Museveni yahinduye ibwirizwashingiro incuro zibiri – yakuyeho ingingo yavuga imyaka ntarengwa ku wushaka kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu, hanyuma ingingo yavuga ivy’ibiringo ntarengwa ku mukuru w’igihugu – ari co gituma n’ubu akibandanya yitoza.
Avuga ko ari we wenyene ashoboye guhagararira ituze n’iterambere vy’igihugu.
Bobi Wine – umugambwe National Unity Platform (NUP)
Nk’uwigeze kuba rurangiranwa mu muziki Bobi Wine, izina ryiwe ry’ukuri akaba ari Robert Kyagulanyi, afatwa ko ari we munyaporitike akomeye mu banyaporitike indwi bahanganye na Museveni muri aya matora.
Nk’uwigeze gutazirwa “umukuru w’igihugu wo muri ghetto”, aboneka nk’uwuhagarariye urwaruka runyotewe impinduka, akaba ashigikiwe cane mu rwaruka, mu bisagara hamwe no mu bakozi batobato.
Ijambo ghetto ni ijambo rikunze gukoreshwa mu kuvuga akarere kabamwo abanyagihugu babayabaye kandi b’umurengera, kenshi karangwamwo ubukene.
Bobi Wine yatanguye guhangana bikomeye na Museveni mu myaka itanu iheze, aho yaje ubwa kabiri mbere akaba yatumye Museveni aronka amajwi ya mbere makeya mu matora yose yari amaze kwitozamwo. Umugambwe NUP wa Bobi Wine ni wo mugambwe wa mbere ukomeye utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi mu nama nshingamateka.
Kuva inyuma y’ayo matora, Bobi Wine yabandaniye akubagurwa n’inzego z’umutekano.
Abandi banyaporitike bariko bahiganwa ni Frank Bulira, Robert Kasibante, Joseph Mabirizi, Nandala Mafabi, Mugisha Muntu hamwe na Mubarak Munyagwa.
Kizza Besigye, umunyaporitike azwi cane mu batavuga rumwe n’ubutegetsi, akaba yari amaze guhangana na Museveni incuro zine, ntiyashoboye kwitoza, mu gihe agipfunzwe ku vyaha yagirizwa vy’ubuhemu, kuva igihe yafatirwa muri Kenya mu 2024. Yamirira kure ivyo yagirizwa.
Ni ibiki biraje ishinga abatora?
Ibibazo vy’ubutunzi, cane cane ubushomeri, ni vyo birangwa mu mitwe y’abatari bake mu gihe bitegura kuja gutora.
Umutungo ku muntu ku rugero rusanzwe umaze igihe wiyongera buhoro buhoro kuva igihe ca koronavirusi, ariko bisa n’ibidakwiye muri iki gihe igitigiri kinini c’urwaruka runyotewe akazi
Hari kandi n’ibibazo vy’ibikorwa remezo bitari ku rugero rukwiye, hamwe n’ubusumbasumbane mu vy’amashure n’ubuvuzi.
Hagati aho, carashoboye kwirinda iduga ry’ibiciro ryagize ingaruka mu bindi bihugu vyinshi vyo muri ako karere, rigateza igitutu ku bari ku butegetsi.
Igiturire ni ikindi kibazo gikomeye kiraje ishinga abanya-Uganda.
Uganda iza mu mwanya wa 140 mu bihugu 180 ku rutonde rw’ibihugu rwa Transparency International rwerekana ingene ibihugu bihagaze mu kurwanya igiturire, aho muri Uganda havugwa ruswa na ka mwana wa mama mu nzego za reta.
Ubwo amatora azoba meza kandi mu bwigenge?
Itegurwa ry’amatora muri Uganda rirakunze kunegurwa cane. Ubu, abategetsi bavuga ko ata buriganya buzoba muri aya matora kandi ko azoba mu bwigenge, ariko abahinga ba ONU baramaze kugabisha ko atariko bizogenda, bafatiye ku co bita “icuka c’ubwoba” kirangwa muri Uganda.
Mu gihe c’imyiyamamazo, abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi bagiye batotezwa mu buryo butandukanye, harimwo n’ihagarikwa rishingiye kuri poritike, nk’uko abaharanira uburenganzira bwa muntu babivuga.
Imyiyamamazo ya Bobi Wine yagiye isanzazwa n’inzego z’umutekano, ariko siko vyagenze kuri Museveni.
Ishirahamwe Amnesty International rivuga ko imbere y’amatora inzego z’umutekano zakoresheje ivyuka bikoroza amosozi, ivyuka vy’ipiripiri, gukubita abantu, hamwe n’ubundi bubisha, mw’itotezwa ry’imbere y’aya matora.
Reta ivuga ko izi ngingo ari nkenerwa kugira ngo amatora abe mu mahoro kandi ntihagire abakokeza imigumuko ku musi w’amatora.
Ku bijanye n’amatora nyezina, Bobi Wine asaba abatora kuzoguma ku bibanza vy’amatora bagacungera amajwi yabo kugira ngo ntihabe ubusuma.
Ariko abajejwe gutegura amatora bavuga ko abanyagihugu bategerezwa gutora bagaca bataha, bakabemerera ko igikorwa co guharura amajwi kizoba mu muco kandi gihagarariwe n’intumwa z’abazokwitoza, ibinyamakuru hamwe n’indorerezi z’amatora. Abanegura reta ariko ntibizeye ubwigenge bw’umurwi ujejwe gutegura no guhagararira amatora.
Nubwo reta ibihakana, baravye ivyabaye mu myaka iheze, hari kandi ubwoba bw’uko internet ishobora kuzocibwa kugira ngo abanyagihugu ntibashobore guhinyuza ibizova mu matora. Umugambwe NUP uvuga ko ufise app icungera amatora ukoresheje ubuhinga bwa Bluetooth.
Ibizova mu matora bizomenyekana ryari?

Ahavuye isanamu, Reuters
Insiguro y’isanamu, Abajejwe amatora bamaze igihe bitegurira aya matora
Mu gihe vyose vyogenda nk’uko biteguwe, ivyavuye mu matora vyotegerezwa kumenyekana imbere y’isaha cumi z’umuhingamo (16:00) ku wa gatandatu igenekerezo rya 17 Nzero.
Nk’uko itegeko ribitegekanya, umurwi ujejwe gutegura amatora utegerezwa kumenyesha ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu mu masaha 48 kuva amatora arangiye. Vyitezwe ko amatora azorangira isaha cumi ku wa kane.
Amatora y’umukuru w’igihugu agenda gute?
Iharura ry’amajwi ritegerezwa gutangurira ku biro vy’itora vyose ako kanya amatora akimara kurangira, hanyuma ivyavuye mu matora bigashikirizwa ibiro bikuru vyegeranya ivyavuye mu matora mu turere dutandukanye.
Uwitoje ategerezwa kuronka amajwi arenga 50% mu gihugu cose kugira ngo atangazwe ko ari we yayatsinze. Habuze uwuyashikana ku ncuro ya mbere, haba ayandi matora yo kubanguranya babiri ba mbere mu misi itarenga 30.
Museveni yamye arenza 50% ku ncuro ya mbere mu matora yose amaze kuba.